East Africa NewsHealthhomepagekirundi

S.E Paul Kagame yahambije abarenga 230, 000 Urwanda rumaze guha urukingo rwa Covid 19

Mu misi 6 gusa, Urwanda rumaze gukingira abarenga ibihumbi 230 ikiza ca Covid-19. Aho ni mu gihe Urwanda rubaye urwa mbere muri kano karere Uburundi burimwo rwakiriye izo nkingo za Covid-19 co kimwe n’ugukingira Abenegihugu.

Umukuru w’Igihugu Paul Kagame, n’umutambukanyi wiwe ku musi wa kane igenekerezo rya 11/3 niho yaronka urukingo rwa mbere rw’ico kiza ca Covid-19, bikaba vyabereye mu nyubakwa z’ibitaro King Faisal bisanzwe biri ku mugwa mukuru I Kigali.  S.E Paul Kagame co kimwe n’abandi bazokingirwa bakaba bazohabwa urundi rukingo inyuma y’indwi 4 uhereye ku musi baronkeyeko urwa mbere, kugira urwo rukingo rubashe gukora neza.

Urwanda rwatanguye gukingura inyuma yaho ruronkeye inkingo ziri mu mugambi COVAX ufasha ibihugu bitishoboye ngo bashobore nabo kuronka inkingo za Covid-19. Ibihugu vya mbere vyari bikwije ivyo uwo mugambi wasaba ngo bahabwe inkingo, bikaba vyari 4 muri Africa.

Urwanda rukaba rumaze guharura abarenga 19,000 banduye uwo mugera, abarenga 90% bakaba bamaze gukira, abamaze guhitanwa n’ico kiza bakaba barenga 200, nayo abaremvye bakenera ivyuma mu guhema, bakaba bari musi ya 15.

Mwomenya ko gushika ubu ico kiza ca COVID-19 kimaze gutwara abarenga 2, 631, 694, nayo abarenga 118, 650, 470 bakaba bamaze gufatwa n’iyo ngwara. Gushika ubu ico kiza kikaba kiboneka ko kibandanya guhindura uko kimeze, kuko hamaze gutorwa iyindi migera ya Corona idasa n’iyatanguye ahatari hake kw’isi, nko muri Africa y’epfo canke muri Bresil.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756