homepageIKIRUNDI_newskirundi

Saido Ntibazorikina”Antibiotiques” niryo zina yaronkeye Tanzania

Ni umukinyi w’Umurundi akina mw’ihiganwa rikuru ryo muri Tanzaniya, akongera akaba umukinyi w’intamba mu rugamba umugwi nserukira gihugu w’ Uburundi .

Ku myaka 34 yose ni umukinyi amaze gukinira imigwi itandukanye harimwo umugwi Vital’o FC, Saido yamenyekanye cane akinira mu gihugu c’Ubufaransa mw’ihiganwa rikuru Ligue 1 mu mugwi Caen.

Saido Ntibazorikina akaba ari umugabo w’abagore babiri (2), niwe yaraye atowe nk’umukinyi yaranze ukwezi kwa gatatu inyuma yaho bahereje gutsinda umugwi Azam mw’ihiganwa rikuru ryico gihugu nyene ca Tanzaniya.

Ntibazonkiza rikaba ritakimukwiye akaba yongereweko izina Antibiotique kuko ivyo akora muri ico gihugu biruhura abakunzi b’umupira w’amaguro baho.

Indundi magazine mu gisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755