East Africa NewsAkes DonEntertainmentkirundiMagic Soldier Kingorongoro

Samusure yavuze ku mareresi y’urukozasoni ashobora gukina

Naho yagerageza kwisobanura cane, Samusure avuga yemeza ko ashobora gukina amareresi y’urukozasoni.

Umwe mu bakinyi bakomeye mu gihugu kibanyi c’Urwanda, Samusure yisiguye kuri bimwe mu biheruka kumwandikako ko ashobora gukina mu mareresi y’urukozasoni.

Mu kiyago yagiranye n’insamirizi KT Radio ikorera i Kigali, Samusure yavuze ko ari ukuri ariko avuga ko bifise uko we abisobanura bishobora kuba bitandukanye n’uko abantu bavyumva.

Kuriwe avuga ko nka hamwe aronse abamuha akazi ko kuzikina, noneho akaba ashobora kuronkamwo amafaranga menshi atuma ubuzima bwiwe bwisununura kurugezo rukomeye gose, ngo nta nkeka ashobora kuzikina.

Ukwo kwisununura yavuze, yavugamwo ukuba afise inzu nini, imodoka ikomeye, abamucungerera ubuzima, aho ata muntu bohura amubaza impamvu yakinye ayo mareresi y’urukozasoni.

Uwo mukinyi ari mu bakomeye mu gutwenza i Kigali, avuga ko ngo hari n’ababikora ngo ataco babikuramwo, ngo we rero aramutse abikoze bikagira ico bimuhaye ngo ata kibi abibonamwo.

Muri ico kiganiro, Samusure akaba yagiye avuga indimi zitandukanye n’izo yahoze avuga mu misi iheze. Aho uko yisigura yavuga ko ngo hari ivyo umuntu avuga kubera ashaka kumenyekana, kuko hagera igihe ngo ntabe akibasha kubibesha.

Muvyo yabeshuje yari yavuze, n’uburyo ngo ashobora kuba atazi abana yavyaye, aho avuga ko bitabaho. Ikindi bamubajije nimba yoba atazi abagore baryamanye, akavuga ko bidakunda uretse ko n’uwubimubaza adatahura impamvu kuko atumva akamaro kavyo.

Samusure akaba yamenyekanye hani iwacu akina mw’ireresi ry’abanyarwanda ryitwa Kanyomvya, co kimwe n’iriharawe ry’abatwenza canke ryitwa Seburikoko. Zose akaba akina atwenza abantu, Comedian.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 552