BurundiEmpire AvenueEntertainmentkirundi

Sat -B 2021 igeze akwije abantu barenga 5.500.000,akaba yanakeje indongozi nshasha

Umuririmvyi Sat-B afise abamukurikirana barenga imiriyoni zitanu kurubuga rwiwe aho yakwije ama views arenga imiriyoni zitanu namajana atanu kuri youtube iyo ikaba ari intabwe nziza ku baririmvyi ba hano iwacu kuko ari mubambere bakwirikiranwa na beshi ku mbuga nkazose akoresha.

Sat-B aciye kuri izo mbuga nyene akaba yanaboneyeho n’akaryo k’ugukeza indongozi nshasha mwishirahamwe ry’abaririmvyi akaba yashizeko ifoto yinzengo nshasha avuga ati:”
Yitwa Romeo ni umwe mu bakuru bacu batuboneye izuba baraducira inzira … baraturemesheje ico gihe twe twari dufise inyota yo kuba nkabo , baturirimbira
Indirimbo «NI MWIZERE » aho babwira abaririmvyi ko umunsi umwe ingwano tuzoyitsinda.Romeo Nininahazwe yarakoze touche ziwe mu ndirimbo nyinshi zagiye zivyifatamwo neza muri industry harimwo niyanje natanguriyeko yitwa #Nawakilisha… Munca make arazi akababaro k’umuririmvyi arazi aho bigwariye ! Reka tumukeze kukub yatowe kurongora inshirahamwe ry’abaririmvyi b’iburundi (AMICAL DES MUSICIENS DU BURUNDI) twongera dushimira Botchum yahahoze ku vyiza yadukireye igihe yari muri ayo mabanga .”

Mwomenya ko Sat -B aherutse gushira ahabona Ep yiwe yise Romatic sound aho harimwo indirimbo imwe mukiringo c’indwi zitatu yakwije abantu amajana ane (400.000Views)bamaze kuyiraba ku rubuga rwa Youtube

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583