homepagekirundi

Sat-b abandanya mu bibanza bishimishije muri Tanzania

Arabandanya gushimira abarundi ndetse n’aba Tanzania muri rusangi.

Inyuma y’isohoka ry’indirimbo Don’t Cry arikumwe na Asley kuva mu gihugu ca Tanzania, ni SAT-B abandanya gukora neza cane haba kumbuga ngurukana bumenyi nka Spotify, BoomPlay n’izindi zitandukanye zikoranirako ibihangange mpuzamakungu

Inyuma yo gufata ikibanza ca mbere c’indirimbo yarabwe cane kuri Boomplay aho yakubise hasi kuri urwo rubuga nyene abaririmvyi nka Tiwasavage, Davido n’abandi bagiye bakurikira.

Inyuma yo gukorerwa ivyo bitangaza n’abakunzi biwe yaba abari mu Burundi ndetse n’abari hanze y’igihugu, ni Sat-b ariko abandanya akora Media Tour muri ico gihugu nyene ca Tanzania aho abandanya kwagura akarere k’ibikorwa vyiwe, akavuga ko ari ukumenyekanisha ibikorwa vyiwe ndetse no gucira inzira abari inyuma yiwe.

Aho Sat-b yabazwa ibigiye gukuririkira we yishuye agira ati:

“Ntitukivuga imigambi yacu kuko ubu ibintu vyarabaye nabi, abantu twuzuye inzigo, ubu biragoye kuvuga cane kuko ubu twamaze amezi arenga atandatu tuvuga ubu rero n’umwanya wo gukora ibikorwa bikazivugira”.

Aho kuri Charts y’indirimbo ijana (100) ziriko zikurikiranwa kuri Youtube mugihugu ca Tanzania, umuririmvyi Sat-b yafashe ikibanza ca 77 navyo akabandanya abishimira abakunzi biwe bo muri ico gihugu ca Tanzania akavuga ko agiye kubandanya abaha ibikorwa bizobashimisha mu ntumbero yo guhuza umuziki wa Est Africa nk’umuryango umwe.

Tworangiza tubibutsa ko zimwe muri collabo zemewe na Sat-b harimwo umurwi Sauti Sol, Meddy ndetse n’iyindi bivurwa na Empire Avenue ko yakoranye n’umuririmvyi akomeye mugihugu ca Tanzania ariko batarashima gushira ku mugaragaro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755