EntertainmenthomepageUncategorized

Sat-B abaye araja Dubai, tukirindiriye Sweden nayo

Hakirindiriwe VISA yaho, kuko ahafise igiteramo azoja guhuriramwo n’ibihangange muri Afrika nka Harmonize na Yemi Alade.
Sat-B ngo agiye kuba arakorera igiteramo I Dubai, aho azoteramisha abantu bibuka igihe Uburundi bwahabwa intahe yo kwikukira.

Aho vya kabereye ngo ni Kera, Aboubakar karume benshi muzi nka Sat-B ngo agiye gukorera igiteramo mu barabu, neza neza I Dubai.
Uwo mugabo agiye no gusohora Indirimbo, abantu batari bake ku mbugahwaniro bakomeye amashi kuba agiye gukorerayo igiteramo.

Nkuko vyabonetse ku rupapuro ndangagiterano ruriko rurakwirakwizwa, bikaba bishoboka ko ico giteramo Kiriko gifatwa mu mugongo n’ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu.
Aha mukibuka ko Sat-B asanzwe afise ikindi giteramo mu kwezi kw’9 muri Sweden, ariko hakaba hataravugwa aho bigeze ibijanye n’ukuronka Visa imujana muri ico gihugu.

Naho hamaze gusohora iyo cover, Kandi bikaba bizwi ko kuronka VISA yo mu barabu, neza neza I Dubai, ari ibintu vyoroshe, abafana n’ubu hakaba hakirimwo ka koba ko ashobora kudasohoka igihugu.

Ikindi mwomenya nuko ico giteramo kizoba igenekerezo rya 1/7, umusi abarundi bibuka igihe basubizwa intahe yo kwikukira. Ico gihe Kidum nawe akaba azoba ari I Bujumbura mu biteramo yamaze gutumirwamwo.
Ubu rero tukaba twibaza amafaranga yahawe, kuko nkuko mubizi amaze igihe ashibikiza ko igituma ataboneka mu bikorwa bitandukanye haba hano iwacu, canke mu mahanga ngo ari ikibazo c’umushahara, kuko ibahasha ahabwa kenshi kw’100 ngo riba ari rito cane.
Hampande y’ivyo biteramo uwo Mugabo akaba aheruka gusa n’uwushikiriza ko Vuba cane ya Ndirimbo yakorera muri Tanzania, ngo ishobora gusohoka umwanya n’umwanya.
Ivyo bikaba vyerekanywe n’uko yabajije abafana Indirimbo azosohora akazina izoba ifise, aho yatanze amazina 4, arimwo ayatari make y’icongereza. Abafana bakaba bacaguyemwo amwe amwe.
Abatari bake mu bafana bakaba bavuze ko Indirimbo Kidding ariyo izosohoka, bamwe bakaba ugucagura iryo zina babifatanije n’ukuba atakorera hanze Indirimbo hama ngo ibe ifise izina riri mu Kirundi.
Abandi n’abo bakaba bamusavye kwigirira icizere ko yoshobora gukora Indirimbo yindi isumvya ubukomezi Beautiful yakoranye na Meddy, Kandi igashika kure cane.

Uwo muririmvyi tukaba tutabashije kubona aho asubiza umuntu n’umwe Kuri ivyo vyariko biravugwa.
Mukibuka ko mu misi iheze, twari twagarutse ku kiganiro yakoreye muri Tanzania, aho yemerewe n’umumenyeshamakuru ari mu bakunzwe muri Tanzania, asanzwe anatwara ikinyamakuru Simulizi na Sauti, ko azomufasha ngo abashe gukora Indirimbo na Benpol, kuko Collabo yari gukorana na Harmonize yaheze mu mashami y’igiti.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 735