Umumenyereza w’Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije ariko asabwa ikigongwe na bamwe mu bakunzi b’inkino mu Burundi no hanze bivanye n’amajambo mabi atari make bari bakoresheje inyuma yo kudatumako Saido Ntibazonkiza na Cedric Amissi.
Ivyo bikaba vyaribonekeje inyuma y’urukino rw’Intamba mu rugamba rwatsinze Namibia ibitsindo 3-2 mu rukino rwo kurondera itike rya CAN 2024 izobera muri Côté d’ivoire.
Amwe mu majambo atari meza abakunzi b’inkino bakoresha akaba ari aya akurikira ‘’ Umumenyereza ntitumukeneye , agatsindwa na Namibia ace atanga imihoho, Saido Ntibazonkiza atarimwo na Cedric Amissi intamba mu rugamba ntizishobora gutsinda kandi nta rukino tuzoraba ‘’
Ariko ivyo vyose inyuma y’urukino vyaciye biherera mu kirere mbere n’abandi babona kwishikana basaba ikigongwe .
Umwe mu basavye ikigongwe yagize ati’’ Ndasavye ikigongwe umumenyereza w’Intamba mu rugamba sinarinzi ko ashobora gukora amateka nkarya agatsinda Namibia ni abamenyereza bake ba hano iwacu bashobora gufata risque nkiya Etienne Ndayiragije ‘’
Intamba mu rugamba kugira zigaruke muri CAN bisaba ko zitsinda Cameroun iwabo mu rukino rwanyuma canke zinganye.
Mwomenya ko Intamba mu rugamha zari zimaze imyaka igera kuri 3 zitaronka itsinzi.
















