BurundihomepagekirundiTestosteroneyouth

Sat-B ahamagarira urwaruka kutaja ku mabwire y’abanyaporitike muri ibi bihe twimirije amatora

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 Rusama umwaka w’2019, umurirmvyi rurangiranwa Bizimana Aboubakar Kalume benshi bazi nka Sat-B Satlight King yari yaramutse atumirwa nk’umwe mu mboneza z’urwaruka rukurikiranwa na benshi “Jeunes influent” mu kinyamazuru kugira ngo aterere ivyiyumviro mu nama y’Urwaruka ruserukira abandi yari yatunganijwe nishirahamwe NewGeneration yabereye kw’ihoteri Royal Palace mu gisagara ca Bujumbura.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’iyo nama, Sat-B yashikirije ko yizeye ko iyo nama igiye kuzogirira akamaro urwaruka na canecane mu kurufasha gutandukanya ikibi n’iciza ntiruje narwo na canecane muri bino bihe twimirije amatora uzi ko urwaruka arirwo rwabaye ikiraro abanyeporitike bakunze gucako kugira ngo bishikire ku nyungu zabo.

Yagizze ati : “Mu vyo twarabiye hamwe twashoboye kwiga kukibazo c’ukuntu urwaruka rwokwikingira cane n’ingorane canke n’amabwire y’abanyaporitike muri ibi bihe twimirije amatora mu gihugu ngo urwaruka rutongera kugwa muvyo rutazi nko mu myaka iheze, ivyatumye urwaruka rwinshi rugwa mu mporero. Ni naco gituma mfashe aka kanya nibutsa urwaruka kwikingira n’amabwire y’abanyaporitike muri ibi bihe vy’amatora twimirije tutongera kugwa mu mitego yabo ku mpande zose”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765