Entertainmententertainment Promotedkirundimusic

Sat-B amazina y’indirimbo zizoba zigize album ayashize ahabona

Umuririmvyi Sat-B n’ubwo bitakunze ko atahukana agashimwe ka Afrima, ihiganwa ritegurwa muri Reta zunze ubumwe za America mu mice itandukanye aho yari mu muce wa “best male”, arahamagarira abarundi kwishimira kuba baranatowe kuja muri iryo higanwa rikomeye ritajamwo umuntu uwariwe wese.

Nayo kuvyerekeye album yiwe twari tumaze imisi turindiriye yashize ahabona amazina y’indirimbo zari zisigaye.

Tubibutse ko album yiwe yitwa Hello Afrika igizwe n’indirimbo 12 akaba amaze gusohora indirimbo 4 hasigaye 8 yamaze kutumenyesha uko zizoba zitwa nk’uko yabishize ngaho kuri cover.

Mwomenya ko igenekerezo rya 19 Munyonyo 2022 nk’uko twari tuvyiteze, isango ryabaye ntabanduka, ihiganwa Afrima rikaba ryatahukanye Rayvanny wo mu gihugu kibanyi ca Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556