Entertainmenthomepagemusic

Sat -B ngo bavyihoze u muziki nturi i Bujumbura uri i Gitega

Sat – B n’umuririmvyi akoresha imbuga ngurukana bumenyi cane ikimubabaje canke ikimuryoheye vyose abisangiza abakunzi biwe yama ariko arashingira intahe abantu baba ruguru ko aribo berekana urukundo rurenze kuba nya muziki.

 

Mw’ijambo ryiwe yashikirije yaravuze ko agiye kuza arakorera ibiteramo hagati mu gihugu Hama i Bujumbura akazoza arabikorera mu ma Quartier azwi ko abamwo abatunzi kandi kikazoba ari i giteramo kwinjira izoba ari amafaranga arenze ariko mugihugu hagati ibiciro akazovyorosha.

Acishije kuri rumwe mu mbuga ngurukanabumenyi ziwe yemeje KO Kenny Sol umuririmvyi w’umunyarwanda yakoze ibiteramo vyiwe kw’igenekerezo rya 10 Ruhuhuma i Bujumbura n’igenekerezo rya 11 Ruhuhuma
Sat -B agerageje kugereranya ivyo biteramo avugako i Gitega nico citabiriwe cane gusumba ico yakoreye i Bujumbura

Tubibutseko Agence y’indege ya Sat-B ariyo yatanze intererano ya ticket yazanye uwo muririmvyi mu gihugu c’Uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723