BurundiEntertainmentkirundi

Sat-B ngo imbere yuko atora Natacha ni abanze amwereke ko nawe yamutoye

Mu gihe hibonekeza ibomborabombora hagati ya Natacha na Sat B, umuhuza asa n’uwabonetse.

Natacha yarahiye ararengwa ko Sat-B atari mw’ihiganwa rya Afrima, ivyo bikaba vyarababaje cane Sat-B kubona umurundi mugenzi we yanka kumushigikira.

Ivyo rero Sat-B bisa nk’uko yabirengeye, nti bukeye kabiri Natacha yabonetse mw’ihiganwa
” Hipipo music awards”asaba ko abarundi bomutora, Sat B we akavuga ko ku mutora hoba igisabwa.

Sat-B acishije ku rubuga rwiwe yanditse agira ati:”Twebwe umuryango wagutse Team Satura abantu tugifise Ubuntu, twizera muvyo dukora turasaba ko umuririmvyi wese yipfuza ko tumutora muri Award iyariyo yose. Ariko yobanza kutwereka screenshot ko yatoye Sat-B (jewe) muri Afrima muri bwa bumwe nyene natwe tumutore.”

Yongeye aranadomako izina neza yanditse agira ati:” ohooo Dada wacu Natacha dutegerezwa kumutora ariko imbere ya vyose ategerezwa kutwereka screenshot ko yantoye jewe musaza wiwe muri Afrima atari uko nakoreshe ya noti yiwe. ”

Ivyo nivyo Sat-B yarinze gusaba imbere y’uko atora Natacha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583