Entertainmenthomepagekirundisociete

Sat-B ngo ntiyarakwiye kuvugira ku mugaragaro ivy’ugufasha abanya Gatumba

Sat-B ngo ntiyarakwiye kuvugira ku mugaragaro ko ashaka kuzogira ico afashije abateshejwe izabo n’imvura igize igihe iriko iragwa, igatuma abantu bata izabo, ivyabo navyo bigatwarwa n’amazi. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na bamwe mu bakurikirana urubuga rwiwe rwa Facebook.

Abamukurikira bakaba badahuriza kuri ico kintu, naho bose bahuriza ko ikintu c’ugufasha abo bantu ngo ari ikintu ciza cane.

Bamwe bakaba bafatira kuri bibiliya mu kuvuga ko yo ivuga ko ico ukuryo gukoze, ngo ukubamfu kutari gukwiye kugica ikanda. Ariko abandi nabo bakaba batabibona uko kuko ngo uwo ari umu Star atarakwiye gukorera ibintu musi y’igitanda, uwundi we yayiciye umuryango ngo imbere yuko aja kubitanga ahubwo yohitana abamenyeshamakuru.

Ivyo bakaba batanguye kubiharirako inyuma yaho kuri uyu wa 4 igenekerezo rya 7 rusama amasaha y’ijoro ashikirije akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook ko ashaka kuzoja gushika kuri iyo miryango 50 yahuye n’ibibazo. Ariko akavuga ko kubivugira ahabona hari mu ntumbero yo gukangurira abantu bifise kugira ico bafashije.

Yagize ati : “ Birababaje ntawe bitobako, Navuganye na Management yanje turabe ico dushobora gukora ku miryango 50 yahuye n’ikibazo c’imyuzure muri zone ya Gatumba bakabura uburaro. Muri ibi bihe bigoye tukaba tuzokwifatanya nabo mu misi mike mu kubagendera muri ibi vyamakuba barimwo. Turasavye n’abandi boba babona ko bikenewe batahura ibihe vy’umubabaro abanya gatumba barimwo kudusanga inbox tukagira ico dukoreye aba bene wacu murakoze.
N.B: Ukubivugira ngaha ni ugukangurira bene wacu bishoboye nabo kugira ico bakoze. #Prayforgatumba #weareone”

Mukibuka ko Sat-B ariwe agumana n’umwe mu bariko bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, Dieudonne Nahimana, aho ari hose. Kuko niwe amuririmbira mu gihe c’ugushusha abantu mu gihe bakimurindiriye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770