BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

Sat-B ngo yarabiye kuri Meddy kugira yandike your Day

My Vow, indirimbo yaririmbwe mu misi y’ubukwe ya Meddy ngo niyo yoba yarabaye imbarutso y’ukwandikwa kw’indirimbo Your Day ya Sat-B.

Mu kiyago yagiranye n’ikinyamakuru Igihe co mu gihugu kibanyj c’Urwanda, Sat-B yamenyesheje ko nk’uko abanyarwanda bavuga ngo ukwiga ari ukwigana, ngo nawe yisanze yakunze indirimbo ya Meddy, abona ko n’abafana biwe bakeneye iyo mu bugeni noneho abona kwandika Your Day.

Sat-B muri ico kiyago nyene, yavuze ko kwiga ari uguhozako ngo kuba yovuga canke agashimira uwatumye agira ico ashikako ngo nta kosa abibonamwo.

Ivyo akaba abishikirije inyuma yaho iyo ndirimbo ishiriwe ahabona, aho imaze kurabwa mu misi 2 n’abariko barababa 100,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721