Entertainmenthomepagekirundipromoted

Sat-B ntakigarutse mugihugu ciwe bivanye n’imvo zitamuvuye

Inyuma y’aho vyari vyamaze kumenyekana ko agiye kugaruka mu rugo mu gihugu ciwe c’amavukiro, ni Sat-b, ngo ntakibonetse kuri uyu muhingamo w’igenekerezo rya 17 Gitugutu 2019.

Bivanye n’ugucererwa agasirwa n’indege yari kumuzana, vyabaye nk’uruhombo ku bakunzi biwe bari biteguye kuja kumwakirana urweze no kumuha ikaze mu cubahiro ciwe. Abakunzi b’umuziki wiwe basigura ko urukundo akunda igihugu mu kubandanya aserukira umuziki ndundi mu kwagura akarere k’ibikorwa vyiwe no kuja kurondera izindi nzira zowuteza imbere ariyo mpamvu nyamukuru bari biteguye kumwakirana impundu n’urweze ku kibuga c’idege i Bujumbura.

Mwomenya ko kuri uyu wa kane genekerezo rya 17 Gitugutu 2019 bitagikunze ko Sat-b hamwe n’uwusanzwe ahagarariye ibikorwa vyiwe (Manager) ariwe  Kent-P kobaza mu gihugu cabo kumvo zitabavuyeko  bakaba bamenyesha abakunzi bibikorwa vyabo ko  bagiye kuzoboneka mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu w’IMANA igenekerezo rya 20 Gitugutu 2019.

Mwomenya ko ivyo bibaye inyuma y’aho Sat-B amenyeshereje  itariki nyezina abarundi isinzi bazobonerako igiteramo ciwe bwite na Staff yiwe yose ico yita ko ari igiteramo c’agakura arico Indoto Festival aho amenyesha ko iyo Festival igiye kuzobera kuri Lacosta Beach igenekerezo rya 29 Kigarama 2019 aho Sat-B ubwiwe avuga ko kuzoba ari ukwambika umutamana umuziki w’Uburundi n’abanyagihugu canke abakunzi b’umuziki ndundi bakiga kuriha amafaranga angana n’ibihumbi bitanu (5000Fbu) n’ayarenga atari kuberako hajemwo umunyamahanga gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769