Entertainmenthomepagekirundi

Sat-B ubwoba bwoba aribwo bwatumye yugara Commentaire Kuri Facebook ?

Sat-b ama Commentaire akarishe y’abafana yatumye afunga igice cayo igihe yatanga Itangazo rihakana ko Drama T atamutwaye ikibanza ca mbere mu bafise ama Views menshi, none induru zabaye zose.

Mu gihe haheze imisi nk’ ibiri abatari bake bagaruka ku buryo Sat-B yatwawe ikibanza ca mbere c’umuririmvyi w’umurundi afise Views nyinshi ku ndirimbo 1, uwo muririmvyi yarabihakanye.
Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo muririmvyi yavuze ko ata ndirimbo n’imwe ya hano iwacu yigeze isumvya Views Indirimbo Beautiful. Ivyemezo uwo muririmvyi yatanze, nuko yo yabaye Trend mu bihugu bitari bike.
Yagize ati : Itangazo ryo kubeshuza, aya n’amateka agize ubuzima.
Gushika ubu mu Burundi nta wuransumba Views! Gushika ubu mu Burundi nta ndirimbo irasumba Views Beautiful. Nta n’uwegereje Vuba, Indirimbo beautiful n’indirimbo yakoze amateka kw’isi.
Kenya, Uganda, Tanzania, Rwanda, Fiji, Portugal, Bresil, Zambia, Ethiopie.
Trending Chazam, Trending TikTok With 50,000 TikTok Challenge.”
Ubwo butumwa bukaba bwaherekejwe na Screenshot ya YouTube y’iyo ndirimbo haboneka izo views 4,200,000 mu myaka irenga 2 iyo ndirimbo isohotse.
Nkuko vy’ama iyo Sat-B yanditse ikintu Kuri Facebook yiwe, abantu batari bake bavuga amajambo akomeye arimwo n’ayo kumutuka, ariko ubu nta karyo baronse.
Uwo muririmvyi adakunze guterwa ubwoba n’amajambo y’abantu, uno musi yugaye igice ca Commentaire Kuri iyo Post yiwe, aho bishoboka ko hari kuboneka izitari nke, kuko iyo Post yakunzwe n’abarenga 5,000.
Iyo Post Sat-b yayikoze inyuma yaho havugiwe ko ikibanza c’umuririmvyi afise Views nyinshi cafashwe na Drama T, kuko Indirimbo yiwe Madam imaze amezi ariko arababa 8, imaze gusumvya Beautiful views ziriko zirababa 5,000, naho zose uko ari 2 zifise Views 4,200,000.
Abantu babashije kugira ico bavuga Kuri ivyo vyanditswe na Sat-B, bavuze ko ibiriko biraba muri ino misi aho bavuga ko Sat-B yasumbijwe Views, ngo ni umugambi wo kumusubiza hasi.
Abandi n’abo bakabona ko ugushaka kwerekana ko Sat-b yasumbijwe Views na Drama T ngo ari ugusuzugura uwo muririmvyi.
Abandi n’abo bakabona ko izo Views za Drama T ngo ari iza Fake, ariko izo Kwa Sat-B arizo z’ukuri, aha bigaca bigarukana bimwe vyavugwa ko Drama T yoba yaraguze Views, Kuri izo ndirimbo zose uko ari 2, y’aba Madam, co kimwe na ITamporize.
Mu makuru twari twatanze ku musi wejo, twari twamenyesheje ko Drama T yamutwaye ikibanza c’umuririmvyi yabashije kuronka izo Views 4,000,000 mu mwanya muto, ariko ikibanza c’umuririmvyi wa mbere yabashije kuzishikana kikaba cagumanye uwo muririmvyi ubwiwe, nta cahindutse.
Sat-B Kandi hampande yo kuba ariwe yazikwije ubwa mbere, akaba anafise afise ikibanza ca Mbere c’umuririmvyi yabashije gukwiza views 1,000,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube, eka mbere akaba Kandi n’ubu ariwe afise Indirimbo nyinshi zimaze gukwiza Views 1,000,000 Kuri YouTube.
Ubu rero amaso yabaye nk’amatoroshi ku ruhande rw’abafana ba Sat-B, kuko aho babonye uwuriko aragaruka Kuri ivyo bintu vy’ama Views badashobora kureka kugira ico babivuzeko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769