BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Sat-b yavuze ama Collabo ari mu nzira atazoroha

Collabo ya Sat-b na Big Fizzo ngo iramota, ivyo n’ivyo abo baririmvyi baheruka gushikiriza bose mu biyago baheruka kuganira n’abafana babo ku mihora ya Facebook basanzwe bakoresha. 

Mu gihe Big Fizzo yaheruka kumenyesha ko ata kibazo na kimwe yiteze mugenzi we Sat-b ngo bakorane igikorwa, kandi ata rwanko bafitanye nk’uko yabiyagiye Isanamu Media, Sat-b nawe yatanze umuco ko bamaze kubiganira, basigaje gusa kubishira mu ngira.

Abandi ngo bazoririmbana harimwo na Double Jay, kuko Management zabo zimaze kubiganirako, bakavyemezanya nk’uko yabiyagiye abo bakunzi biwe.

Sat-b muri ico kiyago, yanavuze ko afise Collabo zitari nke amaze gukorera muri Tanzania, aho hananuganugwa ko harimwo n’iyo bakoranye na Harmonize igihe aboneka ari muri Studio.

Sat-b ntiyaretse guterereza abafana kuko ngo aho ageze si aho kuririmba indirimbo zumvirizwa n’abarundi gusa, ahubwo ngo ageze kuririmba izokundwa n’abo muri Afrika y’ubuseruko n’isi yose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764