Entertainmenthomepagekirundi

Sat- B yoba atakiri kumwe n’umukunzi wiwe Belle9ce?

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Munyonyo2019 niho umuririmvyi Sat-B yandika ku rubuga rwiwe rwa Twitter aho yanditse akoresheje amajambo abenshi batagiye  bayatahura kumwe mukuyahurizako bivanye n’uko uwo muririmvyi asazwe akoresha imbuga ziwe mu gutanaga amakuru aba ahinyitse bamwe bati yoba agiye gusohora indirimbo nshasha abandi nabo ngo umukunzi wiwe Belle9ce Ingabire yoba yamuhevye.

Ugiye kuraba ku ruhande rwa Sat-B ukaraba n’amajambo yandi hashobora kuba harimwo ikintu kicinyegeje inyuma y’ayo majambo, akaba yanditse  ku rubuga rwiwe rwa Facebook agira ati : “Sinigeze menya yuko vyogera aha canke yuko jewe nawe vyoshika tukankana.”

Haciye akanya kangana n’amasaha atatu umukunzi wiwe Belle9ce nawe aca arandika abicishije nyene kuri Facebook nawe ati : “Leave Me Alone ”. Ibi navyo bikaba biriko birashika inyuma y’ukuvurwa ko uwo mwigeme yarasazwe asohokana na Sat B ndetse ari no muri Label yiwe ya Empire Avenue yoba afise imbayi ya Bizimana Aboubakar n’aho ayo makuru kumpande zoze atawurayemeza neza. Ikindi n’uko igihe Sat-B yava mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya uwo mwigeme atashoboye gushika kumwakira ku kibuga c’idege citiriwe Perezida Ndadaye Merchior nk’uko vyahora mu yindi misi iyo uwo muririmvyi asohotse igihugu canke atahutse.

Mwomenya ko ivyo bibaye inyuma y’amasanamu ariko agaragara ku rubuga rw’umwe muba video vixen canke abobita Queen Video wo mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya igituma abenshi bibaza ko yoba ari Buzz y’amasanamu Sat-B yoba agiye gusubira gusohora mu yindi ndirimbo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769