BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassportpromotedTabac

Sat-b yumvikanye avuga ku bamutunga urutoke ko ahangara abakomeye

Sat-b yumvikanye mu karirimbo aho agaruka ku bamutunga urutoke ko asigaye ahangara abakomeye, ako kakaba ari kamwe muri 3 twashizwe ahabona uno musi turi kw’izina ryiwe.

Mu gihe yarashize ahabona akaririmbo gashasha Karabarya, uwo muririmvyi yashiriwe ahabona 2 mu turirimbo twiwe vyumvikana ko tutari bwahere.

Muri utwo turirimbo hakaba harimwo ako yagarutse kubamuvugako ibi na biriye birimwo ko yifatira mu gahanga abamuboneye izuba mumuziki. Iyo akaba agaruka ku kibanza afise muri uno muziki aho avuga ko ariwe agezweho, ariko ikaba yumvikana igice kimwe gusa, ico kikaba kingana n’umunota n’amasegonda 20, mu minota ishika 3 yomaze.

Utwo turirimbo kandi tukaba tutaboneka ku rubuga rwa Youtube asanzwe asohorerako indirimbo, utwo uko ari 2 tukaba twabonetse ku rundi rubuga rwiswe iryo zina ryiwe. Vyumvikana ko yashikiwe nawe n’ibiheruka kuba kuri Big Fizzo.

Utwo turirimbo bamwe bakikeka ko yoba ari Wanda Boy umwe mu bamusahiriza mu muziki yoba yadushize ahabona, ubona ko hatanguye gukwirakwizwa hirya no hino Screenshoot zerekana ikiyago ciwe n’abandi bavuga kuri utwo turirimbo, aho avuga ko ariwe amenya ryari zikwiriye gusohokera.

Aho mukamenya ko ibintu bitifashe neza hagati ya Wanda Boy atwara Trust no Body na Sat atwara Empire avenue, bamwe bakavuga ko bibaye ngombwa bashobora no kwitabaza ubutungane ngo batunganirizwe kuko urundi ruhande ruriko rurarenga ivyo bemeranije.  

What's your reaction?

Related Posts

1 of 762