BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Senganzi na Se bari kugwana iyo yihenda agaheba amashure

Ngo hari guca uwambaye Senganzi iyo yihenda agahagarika amashure ngo yungururije muri Comedie, kuko se umutama wo mu mugamba ntiyari kumukira.

Uwo mugabo asanzwe aharurwa muri bake batwenza abantu hano iwacu amaze kujabuka imbibe, avuga ko yatanguye gukina akiri ku ntebe y’ishure mu mwaka wa gatatu w’ishure ry’amategeko.

Michael avuga ko ico yasabwa n’abavyeyi ngo kwari ukuzana amanota meza, nayo ibindi ajamwo vyo gutwenza abantu ngo ntaco vyari bitwaye kuribo. Noneho akizwa n’uko asanzwe aciye ubwenge.

Uwo mugabo akaba mu kiyago yigeze guha kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu, yavuze ko yanakoze Stage (ukwimenyereza) ariko abona ataco azohanoba kuko ugucira Imanza abantu yumva ko bitamurimwo.

Mwomenya ko uwo musore ariwe mu rundi wa mbere amaze kwitabira ibiteramo vy’abatwenza abantu bikomeye muri Afrika, akaba kandi amaze no kuronka agashimwe gahabwa umu Comedien yitwaye neza gatangwa na RFI.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775