homepagekirundi

Shinzo Abe yahoze Ari umushikiranganji wa mbere w’ubuyapani yishwe arashwe

Shinzo Abe uwahoze Ari umushikiranganji wa mbere w’ubuyapani, yishwe arashwe aho yariko ashikiriza Ijambo mu bikorwa vyo kwiyamamaza.

Uwo mugabo aza mu Kibanza c’uwabaye umushikiranganji wa mbere w’ubuyapani igihe kirekire (Imyaka 10), yarashwe n’umugabo yahavuye afatwa n’igipolisi, amurasa amasasu 2.

Shinzo Abe, akaba yitabiye Imana kwa muganga, inyuma y’ukunyarukanwayo bahejeje kumurasa.

Shinzo yarasiwe I Nara, isaha zitanu n’inusu mu masaha yo mu buyapani( 2AM GMT – Isaha cumi z’igitondo mu masaha yo mu Burundi) Aho yari yagiye gushigikira umwe mu bariko bitoza.

Ako kabi kakozwe n’umugabe bivugwa ko ari uwahoze mu gisirikare kigwanira mu mazi, akaba yagakoze akoresheje ikigwanisho yikoreye wenyene.

Abategetsi batandukanye bo muri ico gihugu bakaba bateye ivyatsi ico kibi kibishe cakozwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755