homepagekirundi_Sports

Abantu bakeka ko AMB. Francine yagiye gukomboza abatwara CNO

Francine Niyonsaba asanzwe afitanye ibibazo n’abatwara Comite National Olympique, aheruka guhabwa umubonano n’umukuru w’igihugu.

Kuko ivyavugiwe muri uwo mubonano ata na kimwe cashikirijwe, ariko akavuga ko wari umunezero kuronswa umubonano n’umukuru w’igihugu.
Abantu batanguye kwibaza vy’ukuri ivyavugiwemwo.

Uravye muri Commentaire ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Kuri iyo Post mu masaha adashika 48, imaze gukundwa n’abarenga 8000, abantu bagize ico bayivugako, bavuze vyinshi cane.
Bamwe bamwagirije ko yoba yarajanywe no kwibaraguza, abandi bavuga ko yoba yarajanywe n’ukuregana, kuko uwo yariko arabwira nawe yigeze gutwara Comite National Olympique.
Abandi bavuga ko bizeye ko yoba yavuze ibibazo abanonotsi bakunze guhura navyo, kuko ngo bakeneye kumubona muri Jeux Olympique uko bizogenda kwose.
Abandi nabo bakaba bavuze ko kuba umukuru w’igihugu yoba yashikirijwe ico kibazo, ngo ari vyiza cane kuko ngo haca haboneka inyishu.

Ibi bikaba bibaye mu gihe uwutwara Comite National Olympique, Lydia Nsekera aheruka gushikiriza ko ukuboneka Kwa Francine Niyonsaba muri Jeux Olympique zizobera I Paris muri 2024, ngo ari uruhara rwiwe, kuko ngo bisaba ko azonywa imiti kugira hagabanuke inkabuzo za kigabo afise, ico bita Testosterone mu kinyamazuru.
Bibaye Kandi mu gihe hari umuhanuzi yaheruka kugenwa nawe yatanze imihoho kuko atariko aragishwa inama. Akaba kubwiwe yaranababajwe kuba hari abanonotsi banakomeye batabashije gushigikirwa mu mahiganwa akomakomeye yimirije.
Uwo munonotsi wacu, akaba yanaheruka gusaba ako abarongozi bwa Comite National Olympique bitanga imihoho, abafana biwe n’abo bakavuga ko ahubwo akwiye ikibanza mu rwego rutwara iryo shirahamwe kuko ngo afise kinini yofasha abandi banonotsi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807