homepagekirundiWorld News

Singapour yemereye ayarenga 18,000,000 fbu buri mugore

Singapour yemereye amafaranga atari make abavyeyi bashobora kuvyara muri bino bihe ico gihugu co kimwe n’ibindi vyugarijwe n’ikiza ca Corona Virus.

Nkuko amakuru dukesha BBC abishikiriza, ngo integuro y’ako gashimwe kaza kiyongera ku bundi burusho Leta irihira inzoya, yerekana ko amafaranga ashobora guhembwa umuvyeyi ashobora kungana n’amafaranga ya Amerika 7330, akaba arenga imiliyoni 18 mu mafaranga ya hano iwacu.

Ariko nkuko icegera c’umushikiranganji wa mbere muri ico gihugu, Heng Swee Keat, yabishikirije, ngo mu misi ya vuba niho bazemeza igitigiri nyezina co kimwe n’uburyo bazoyahembwa.

Ico gihugu kikaba kiza mu kibanza ca mbere kw’isi mu gitigiri c’ibihugu bifise igitigiri gito cane c’abana bavuka ku mwaka.

Ivyo bikaba bitandukanye n’uburyo ibindi bihugu bahana imbibe vyo bihagaze mu gitigiri c’abana bavuka, kuko nko muri Filipime Leta ifise ikibazo c’uko ari nka hamwe abantu bogumizwa mu nzu gushika mu mpera z’umwaka ngo abana bavuka bashobora kwiyongera ku rugero ruteye ubwoba.

Aha mukamenya ko muri ako gace ka Asia ibihugu bimwe bimwe birimwo n’ubushinwa, ngo vyugarijwe n’igabanuka ry’Abana bavuka buri mwaka. Mu bushinwa ho nkuko ayo makuru abandanya abishikiriza, ngo uno mwaka abana bavuka bagabanutse cane gusumba imyaka 70 iri imbere kandi Leta yari yaradohoye kw’itegeko ryabategeko kuvyara umwana umwe gusa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755