BurundiÉnergiegroups-at-messagekirundiRacingSportTourisme

#Sport: Umusi wa Rallye y’i Ngozi wamaze kumenyekana

Mu gihe igenekerezo rya 5-6 kigarama 2020 igice ca 5 c’ihiganwa ry’abagendesha imiduga “Rallye y’i Ngozi”yari yungurujwe biturutse ku rupfu giturumbuka rwa Didier Niyokindi umwe mu bagize comité exécutif ya CAB (Club Automobile du Burundi).

CAD ibicishije ku rubuga rwayo rwa Twitter , yamenyesheje ko iryo higanwa rizoba kuva kw’igenekerezo rya 19 gushika kw’igenekerezo rya 20 kigarama 2020, yongera iha ikaze abazoza kurishigikira.

Rallye y’i Ngozi ikaba ari imwe mu mahiganwa ya Sport akomeye cane hano mu gihugu cacu kuko riba yitabwe n’abarundi ndetse n’abatari abarundi benshi baba bavuye mu mice itandukanye y’igihugu kuko ribera mu ntara zo hagati mu gihugu, rikanatuma kandi ingenzi zigendera intara riba ryabereyemwo ziba nyinshi nayo ubutunzi bw’intara bugaheza bukiyongera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 514