Burundihomepagekirundi

Steven Sogo yakeje umusenyeri mushasha wa Diyoseze Bururi

Mu gihe intara ya Bururi iheruka guhabwa umusenyeri mushasha atwara Diocese ya Bururi, abarundi batandukanye barakeje uwuheruka kugenwa ngo atware iyo Diocese, uwo nawe s’uyundi ni Mgr Salvator Niciteretse.

Mu barundi babashije kumukeza, harimwo Steven Sogo abarizwa ku mugabane wa Amerika, aho yamenyesheje ko akiri mu Burundi atigera asiba imisa y’uwo mukozi w’Imana kuko ngo ijambo ry’Imana arivuga ata kurica ku ruhande.

Ubutumwa bwo gukeza uwo musenyeri mushasha wa Diyoseze Bururi, Steven Sogo yakoresheje urubuga rwiwe rwa Twitter. Yagize ati :
Ndanezerewe kandi ndakeje Nyakubahwa “Mgr Salvator Niciteretse” mu mabanga aherutse gushingwa yokurongora Diocese ya Bururi. Nkiri i Burundi numvise aho yaje gusoma imisa i Buja akiri umusaseredoti sinasiba! Ukuri kw’Imana arakuvuga atariye umunwa. Nahezagirwe.”

Mwokwibuka ko Sogo amaze igihe muri ico gihugu, amashusho amaze kuboneka ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana ko abatari bake mu bari bagize umurwi bakorana kuri Tempete ama Karaoke bamaze gushika muri ico gihugu, aho binashoboka ko bamaze no gutangura gukora ama Karaoke muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764