BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Stikk afise agashavu kavanze n’uguta ivyizigiro kubera ubusuma bwamubayeko

Stikk n’agashavu kenshi ngo Abanyamahanga  barabona ingabire n’ubuhinga bw’abaririmvyi ndundi, bagakoresha indirimbo zabo mu kwicira amafaranga mu gihe bo ata n’urukoroka baba barabona, ariko hano iwacu bo baba birabira kwaba Yoya akavuze Mkombozi.

Mu gihe ata wahaye nirwere akaririmbo Sensual Connection ya Stikk na Miss Erica yasohotse  mu mwaka wa 2015, iyo ndirimbo ngo hari abayibonyemwo ikintu noneho bahitamwo kuyicisha amafaranga. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Stikk ubwiwe ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Mu butumwa yashikirije, uwo muririmvyi yerekanye imbuga gurukanabumenyi zimwe zimwe zirimwo izirihisha amfaranga imbere yuko uzinjiramwo. Aho akavugana akababaro kenshi, nn’inyifato nk’uwataye ivyizigiro ko abafise umwanya wo kwumva ingabire n’ubuhinga biyungukire, nay’aha iwacu ngo nta kintu.

“Some People are making money on my song, nanje atan’ibihumbi ijana ndayiryako. Ikibabaje nuko igihe nayisohora nta gaciro bayihaye ngaha ngo imenyekane. Ariko abanyamahanga bobo barumvise ako harimwo imapno derriere cette chanson batayishira kuma site yabo.
Nta kundi reka abazi kwumva ingabire n’ubuhinga biyungukire puisque aha iwacu ivyo batabiha umwanya!! Maybe bazoduha Valeurs twaragiye.”

Uwo mwidogo w’ukudaga agaciro abaririmvyi n’ibikorwa vyabo hano iwacu bikaba vyamaze kwimonogoza, kuko abatari bake babona ko ibinyamakuru n’aba Dj batabaha umwanya ukwiye. Ivyo abo bamenyeshamakuru co kiwe n’aba Deejay bahakana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759