homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

T Max, indirimbo zitatu zigiye gusohokera rimwe

Ngo iyo umuririmvyi agiye hanze y’igihugu kenshi haboneka kudasubira kuboneka ku rubuga rw’umuziki, ivyo bikaba bimaze kugaragara ku baririmvyi batari bake b’abarundi.

Bamwe muribo uko bagenda barabisigura bavuga ngo ubuzima bwo hanze buragoye kuguma uriko urakora umuziki si icoroshe, duca tubanza kurondera ubuzima ariko umuziki n’impano yacu ntitwopfa tuwuhevye. Uko niko babisigura.

Umuririmvyi T Max ubu abarizwa mu Bubirigi benshi bagumye bibaza ko yoba yarahevye umuziki bivanye n’uko twari duhejeje kuvyandika nyene vyama bishikira abaririmvyi benshi iyo batakibarizwa mu Burundi ndetse no kugacerere yari amazemwo imisi vyatumye benshi bibaza ko atakicitayeho ivy’umuziki.

Ku musi wa kabiri
igenekerezo rya 5 Mukakaro uyu mwaka nyene niho yatangaje abakunzi biwe yashizeko cover yerekana ko agiye kurekura indirimbo 3 icarimwe yavyitiriye “3 kali za T Max”.

Isango yatanze ni igenekerezo rya 7 Mukakaro 2022 azoba yazishize ahabona tubandanye turindiriye na rirya twari benshi twari twiteze kumenya ivyo arimwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755