Burundigroups-at-messagekirundi_SportsSport

Taekwondo : Uburere butandukanye bwarahiganywe

Kuri uyu w’ Imana igenekerezo rya 30 Myandagaro niho hakinwa ihiganwa rya Taekwondo mu bigo vyahahoze Athénée primaire .

Iryo higanwa ryari mu mice ibiri.

Umuce wa mbere hahiganwa abana 38 bari hagati y’imyaka 10 na 17 bakaba bariko berekana ubuhinga bize mu kiruhuko muri urwo rukino rwatangujwe mu Burundi na Kagabo Eugene batazira Rangira akaba murumuna wa coach Yaunde muri 1991 .

Mu wundi muce hahiganywe abava mu makomine atatu agize igisagara ca Bujumbura , muri bo abarushije abandi bakazohiganwa mw’ihiganwa ry’igihugu rizobera mu ntara ya Kayanza mu kwezi kuza kwa Gitugutu .

Ivyo birori vyatewe iteka n’uwurongoye ishirahamwe rya Taekwondo mu Burundi Cyprien Bigirimana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 548