homepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Taekwondo :Uburundi bwaserutse mu gikombe ca Afrika muri Sénégal

Mu mpera z’ino ndwi ku wa gatandatu no kuri uyu w’Imana mu gihugu ca Sénégal hategekanijwe ihiganwa rya Africa mu rukino rwa Taekwondo.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi waserukanye abakinyi batatu :
– Arthur Kwizera
-Innocent Ndikumana
– Rodrigue Niyonizeye

Abo bakinyi baherekejwe n’umumenyereza Eugène Kagabo batazira Rangira ari nawe yatanguje urwo rukino muri 1991 .

Uwundi yaherekeje uwo murwi akaba ari uwurongoye ishirahamwe rya Taekwondo mu Burundi umushingantahe Cyprien Bigirimana.

Tubibutse ko Uburundi bwaheruka umudari mu mahiganwa ya Africa mu mahiganwa y’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, ayo mahiganwa yakiniwe mu gihugu ca Côte d’Ivoire mu mwaka wa 2013 igihugu cacu kikaba cari caserukiwe na Richard Manirakiza hamwe na Emery Barutwanayo ubu babarizwa mu gihugu ca koreya y’epfo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822