East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundi

Tanasha yatangaje benshi kuvyo yashikirije kuri Diamond Platnumz

Ukuba ashobora kuba aja mu bandi bakobwa ngo ico s’ikibazo kimuraba, mu gihe we amufata neza, ivyo n’ivyo Tanasha yashikirije kuri Diamond Platnumz umukunzi wiwe.

Tanasha Donna ngo nta kibazo bimutera nimba Diamond yokurikira abandi bakobwa mu gihe we amufata nk’umwamikazi, ivyo nivyo uwo muririmvyikazi akaba umumenyeshamakuru aheruka gushikiriza ku rubuga rwiwe rwa Instagram aho yariko yishura ibibazo vy’abamukurikirana kuri urwo rubuga uno musi ruharurwako abarenga 1,200,000.

Uwo muririmyikazi yanagarutse kandi ku kibazo c’ugusubira kandi kwibaruka uwundi mwana, aho avuga ko yiteze gusubira kandi kumutwarira inda uwo muririmvyi w’igihangange. Aho ariko akavuga ko hoba ari igihe umwana wabo yoba yamaze gukura.

” Birashoboka ko igihe umwana wanje azoba amaze gukwiza imyaka 5 canke 7, dushobora kuzovyiyumvira. “

 

Uwo muririmvyikazi kandi yanagarutse ku kibazo aho yabazwa ko ata bwoba afise ko nawe atotabwa nkuko abahoze ari abakunzi ba Diamond ( EX ), babikorewe. Uwo mwigeme yavuze ko buri muntu afise umu Ex, ngo nta kamaro ko kumuhora ivyabaye muri kahise.

” Buri muntu afise umu Ex, kandi buri muntu arafise kahise. Na jewe ntarahura nawe nari mfise aba Ex. Nari mfise aba Ex 3 batandukanye ibere yuko tumenyana. kubwivyo rero sinshobora kumucira urubanza bivanye na kahise kiwe. Jewe ndaba umuntu uko ari ubu, nimba umfata neza. “

 

Ivyo akaba abishikirije mu gihe mu kwezi kuza uwo mwigeme arindiriye umwana w’imfura kuriwe, akaba uwa 4 kuri Diamond Platnumz, inyuma ya 2 yavyaranye na Zari hamwe n’uwo bavyaranye na Hamissa Mobeto.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769