East Africa NewsHealthhomepagekirundi

Tanzania yasavye abenegihugu kwambara udufukamunwa

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS risaba igihugu ca Tanzania gusubira kwerekana ibitigiri vy’abandura ikiza ca COVID-19. Ivyo bikaba vyahsikirijwe Tedros Adhanom asanzwe atwara OMS.

Dr. Tedros avuga ko amaze kugiriranira ibiganiro n’abatware muri ico gihugu abereka uburyo bofata ingingo zo kuzibira ikwirakwiza ry’ico kiza ca CORONA, ariko ngo abo batware ba Tanzania bakaba ata nyishu ku bijanye n’ingingo iriko irafata ku bijanye n’ukugwanya ico kiza.

Mw’itangazo ryo guhoza iryo Shirahamwe ryarungikiye igihugu ca Tanzania, ryashikirije ko rihagaritswe umutima n’ingene ico kiza cifashe muri ico gihugu. Igituma ngo nuko Hari abantanzaniya bamaze gutorwako uwo mugera mu gihe bari Nafashe ingendo zerekeza mu bihugu bibanyi co kimwe no mu bihugu vya kure.

Rikaba Atari irya mbere iryo shirahamwe OMS ritanga ivyiyumviro nkivyo ku gihugu ca Tanzania, kuva aho Leta ya Tanzania ihagarikiye kuza iramenyesha ibigiri vy’abandura iki kiza.

Iryo tangazo rikaba rishitse mu gihe Tanzania iheruka kubura umutegetsi bivuye ku ngwara itarabasha kumenyeshwa. Akaba yitavye Imana ku musi wa gatatu.

Ku musi wo kumufubana iteka, umushikiranganji wa mbere wa Tanzania akaba yasavye abanya Tanzania gukurikiza amabwirizwa yatanzwe kugira bakinge ikwirakwizwa ry’ikiza ca Corona-virus. Ayo mabwirizwa akaba arimwo kwambara agafukaminwa.

Uno musi w’Imana akaba ariwo musi wa Nyuma Umukuru w’igihugu ca Tanzania yatanze ngo abanyamadini basenga Ngo Imana ikingire igihugu ico kiza. Rikaba Atari irya mbere kuko mu mwaka uheze wa 2020 hatanzwe icipfuzo nkico nyene aho inyuma y’ayo masengesho umukuru w’igihugu yamenyesheje ko biganzuye ico kiza c’umugera wa Corona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755