East Africa NewsHealthhomepagekirundiTanzania

Coronavirus : Abantu bane nibo gusa ngo basigaye barwaye

Umushikiranganji w’amagara y’abantu mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya amenyesha ko gushika ubu igitigiri c’abarwaye ikiza ca Coronavirus cagabantse cane ku murwa mukuru w’ubudandaji Dar-Es-Salaam gushika ku bantu bane gusa.

Nk’uko bishikirizwa n’ikinyamakuru The citizen co muri ico gihugu, umushikiranganji w’amagara y’abantu Ummy Mwalimu yavuze ko mu bitaro vya Amana hasigaye abarwayi batatu gusa mu gihe mu bitaro vya Mlonganzila naho hasigaye umurwayi umwe gusa.

Ico kinyamakuru kibandanya gishikiriza ko Muganga Mwalimu amenyesha ko mu duce twa Kibaha, Tanga na Mwanza ata murwayi n’umwe asigayeyo, gusa akabandanya asaba abenegihugu gukomeza gukurikiza amategeko n’amabwirizwa bahawe yo gukinga ko ico kiza kibandanya kirandaranda mu bantu.

Mwomenya ko Reta ya Tanzaniya yari imaze igihe kigera ku kwezi idashikiriza ko hoba hari abandi banduye ico kiza canke bagikize, igihe baheruka kubishikiriza bakaba bari bageze ku bantu 509 banduye ico kiza hamwe n’183 bagikize.

Kuri uyu wa mbere waraye uheze, amashure yisumbuye na Kaminuza muri ico gihugu akaba yaraye asubiye kwugururwa icese inyuma y’amezi abiri yari aheze yugawe kubera ico kiza ca Coronavirus.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756