BurundihomepageIKIRUNDI_newsmusic

Tukirindiriye ubuheta bw'”Umudodo”, Big Fizzo aba atayemwo “Hangama”

Mu gihe hari hakiri agashuhe k’inkuru y’akanyamuneza ko Dj Saido akorera mu Bufaransa na Big Big Fizzo boba bariko bategura igikorwa gishasha, indirimbo “Hangama” twagiye tubona isesekara ku rubuga rwa youtube rwa Mugani Désiré.

Mu misi 3 gusa, iyo ndirimbo itari na Video iba irabwe n’incuro zirenga 30,000 mu bafana barenga 80,000 babarizwa ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

Hampande y’abumva ururimi rw’ikirundi bokwuzura ibibuga vy’umupira w’amaguru bitari bike kw’isi bayiryoherewe kuri urwo rubuga rwiwe rwa Youtube, ngo n’abandi batandukanye bagiye bagendera ibibanza bitandukanye Uburundi buriko burahayanishamwo ivyabwo ngo barayikunze cane nk’uko vyashikirijwe na Amb. Willy Nyamitwe aserukira Uburundi muri Ethiopie.

Iyo ndirimbo ikaba yasohotse hagize imisi hari icuka kitari ciza hagati yiwe na Lolilo basanzwe ari incuti za kera, aho bari bagize imisi baterana amajambo ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ubutumwa bwabonetsemwo akaba ari ugutera amashurwe intwari zarondereye Uburundi intahe y’ukwikukira, harimwo n’abatari bake batigera bibuka ko bakoze ibikomeye ngo iyo ntahe iboneke, abo nabo n’abatama bo muri zone ya Buyenzi.

Mwomenya ko Mugani yaheruka gushira ahabona akaririmbo haraheze amezi ariko arababa 4 , iyo nayo ikaba ari “Umudodo” imaze kurabwa n’abarenga 330,000 ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721