Ibihomoka vyavuye kw’isenyagurika ry’inkombe z’uruzi Ntahangwa ibikorwa biri ku musozo ahandi biracubakwa muri co gice ca komine Mukaza y’igisagara ca Bujumbura.
Uyu munsi abanyagihugu barashima ko uruja n’uruza rwongeye gusubira nk’uko vyahoze. Eka ngo n’abari bahunze bariko baragaruka.
Kumugoboka wa mbere imanga ziriko ziraherahezwa kubakirwa. Kugice Kirabana n’ivuriro ritoya rya Mugoboka, hasigaye kubaka umuserege umanukana amazi y’imvura muruzi Ntahangwa.
Hafi y’ijabukiro rya Mugoboka wambere uja muwakabiri, haracariko harubakwa nkuko twabibonye. Igihomoka kiracariho, ibarabara ryahaca n’ubu riracacitse, ibisigarira vy’amazu yabomotse biracenena hejuru y’imanga.
Kubera ivyobikorwa vy’ugusanura inkombe z’uruzi ntahangwa, abanyagihugu baba kumugoboka baranezerewe.Bavugako Ubu akogace ari nyabagendwa, imiduga irahashika n’ubwo idashobora kujabuka kumugoboka wa kabiri.
Ikindi abobanyagihugu banezererewe n’uko bamwe mubanyagihugu bari bahunze izomanga zasatira amazu babamwo Ubu bariko baragaruka.
Inkuru yanditswe na Jotham Iratuzi



















