homepagekirundi_Sports

Basketball : Otobo Israel umukinyi w’igitangaza muri The Best of Burundi of Rwanda

Umukinyi Otobo Israel abandanya avyitwaramwo neza mu mupira w’amaboko ( Basketball) wo mu Burundi .

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 02 Kigarama 2023 igihe c’isaha umunani ( 14h00) ku kibuga ca Département kiri mu gisagara ca Bujumbura aho hakinwa urukino rukomeye rw’ubucuti rwahuje abakinyi beza bo mu Burundi na beza bo mu gihugu c’Urwanda. Urwo rukino rwarangiye abarundi batsinze abo mu Rwanda habanje kwongerwa umwanya ( Prolongations) kuko iminota 40 yarangiye imigwi yose inganya amanota 73 kuri 73 ,bakaba batsindanye ku manota 76 kuri 73.

Otobo Israel yamuka mu gihugu ca Nigeria yari ku ruhande rwa beza bo mu Burundi niwe yavyitwayemwo neza kurusha abandi ( MVP) , uno mukinyi akaba ari umukinyi w’igitangaza kuko muri urwo rukino wenyene yinjije amanota 25 harimwo n’ama Dunks akomeye .

Ibirori vy’urwo rukino vyari vyitabiriwe n’abubahwa batandukanye harimwo Uwurongoye FEBABU hamwe n’abaserukizi b’ubumwe bwa Buraya mu Burundi .

Mu kibuka ko urukino rwo gusubiriza ruri kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 09 Kigarama 2023 kuri Beka Arena ikigali mu gihugu c’Urwanda .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807