BurundiÉnergieEntertainmentkirundiyouth

Ububisha bwa bamwe mu bakozi bo mu nzu burabandanya kwimonogoza

Mu gihe urunani rw’amashirahamwe y’abakozi bo munzu nay’abakoresha babo ruheruka kwiyamiriza ubugizi bwa nabi bwo kwiba mu mazu no kunyuruza abana , hari ubundi bwoko bw’ubugizi bwa nabi bukorwa n’abakozi bo munzu buriko burakorwa .

 

Ni mu ntara ya Makamba aho umukozi wo munzu w’umuyaya , yaraye ahohoteye umwana w’umukoresha wiwe mu kumushurashura .

Amaze guhohoterwa ,uwo mwana yaciye avyiganira nyina , nawe ntiyatevye guca abaza uwo mukozi aho mu masanamu avyerekana uwo mukozi w’imyaka 23 aturuka mu ntara ya Rutana aremera icaha ariko agahakana ko ubwo bubisha ari ingeso yiwe kubera ko ariryo ryambere abikoze.

Ubwo bugizi bwa nabi bukaba bwatewe ivyatsi , abamaze kuraba iyo sanamu bakaba basaba ko uwo mukozi yohanwa n’amategeko agenga icaha co gufata kunguvu.

Ubwo bubisha bukaba bushitse mu gihe haheze iminsi mike hari umukozi yafashwe yari yanyuruje umwana wa nyinabuja .

Ifoto yanje yaranteje imbere| Abagwizatunga n’abaririmvyi badushigikire tunabashe gukorana nabo

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 585