BasketballBurundiIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Ubucuti bwa Apôtre Jean Paul na Général Ntakavura Serges bugiye gutuma ivyo kwubaka ikibuga vyoroha

Bashajije nkuko babigize umugenzo bompi, abarongozi b’ amashirahamwe y’inkino z’amaboko aribo  Apôtre Jean Paul Manirakiza aramutswa FEBABU, kumwe na Général Serges Ntakavura aramutswa ishirahamwe rya Volleyball mu Burundi bari bateye iteka Ibirori vyo gusozera ihiganwa Super Finale muri Basketball.

Hari kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 23Nzero Ku kibuga département des Sports hari haramutse haba inkino zari zirindiranywe igishika zahuza imwirwi yabaye iyambere, aho mu bigeme Gladiator s yahura na les Gazelles birangira Gradiators yirahiye les Gazelles amanota 50 Ku 47  .

Nayo mu bagabo Urunani ruba akayobera abahinga mu gutsinda Dynamo Ku manota 95 Ku 73.

Apôtre Manirakiza akaba yahavuye yakira umurongozi mu kuru mu Bushikirangaji bw’Inkino nawe ashikiriza abaraho umugambi wo kwubaka ikibuga gisakaye anasaba abakunzi b’izo nkino Ko bobashigikira.

Jean Paul na Serges bakaba bamwemereye Ko bazoshigikira uwo migambi bivuye inyuma ndetse baboneraho no gutera akamo abakunzi b’izo nkino banyotewe ico kibuga.

Mwomenya ko muri basketball hagiye gutangura mu mpere z’indwi yanyuma yo muri Nzero 2022, ihiganwa ritari rimenyerewe aho imirwi ya hano mu gisagara ca Bujumbura ndetse niyo mu gihugu hagati igiye kurondera ibibanza vyo kuzokina muri ligue yatunganijwe na Febabu ifadikanije na Brarudi ibicishije mu kinyobwa cayo Viva.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 539