homepageIKIRUNDI_newskirundikirundi_entertainment

Ubunini bw’amabere yiwe bumuteje ikibazo gikomeye

Ukwongerezesha amabere n’ibisusu ni kimwe mu bigezweho muri kino gihe, kuko bifatwa nk’ikimenyetso c’ubwiza n’abagabo batari bake.

Naho hari ababironderana inguvu nyinshi, hari n’abatari bake babikomerekeramwo bikomeye, kuko abafise ibitari ibironderano, ngo bibaruhisha.

Mu bwongereza, umwigeme azwi nka Charlotte w’imyaka 26 y’amavuko, arira ayo kwarika kubera ibere afise ryambarwa n’isindiriya (Soutien Gorge) ipimwa 38.

Mu kiyago aheruka guha bagenzi bacu bakorera Stock Sentinel, uwo mwigeme yavuze ko atagishobora gukora ibikorwa vy’isuku nk’ukwoza ivyombo kubera uburemere bw’ayo mabere.

Charlotte akaba anafise ikibazo c’umugongo, ukwinubwa n’abatari bake eka n’ukubonwamwo amabere gusa.

Muri ico gihugu, igisata kijejwe kuvuza abantu (Mutuelle ya hano iwacu) bakaba baramwankiye kumufasha ngo abashe kuyagabanisha, kuko amafaranga basaba we atoyaronka, ayo akaba ari 9,000 £ (arenga gato 24,444,000 fbu).

Muri ayo makuru dukesha Stock bakaba bamenyesheje ko ariko yegeranya ivyemezo birimwo uburemere bw’ayo, urupapuro rwo mw’iradiyo ngo haboneke uko yagize umugongo n’amajambo y’abaganga bariko baramukurikirana, kugira barabe ko bomucishirizamwo, kuko ngo abemererwa kurihirwa ukwo kubarwa baharuye ku ntoke.

Mbe namwe hano iwacu, hari aho murumva uwushaka kuyagabanisha?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755