BurundiCooperationDiplomacyÉnergiehomepagekirundi

Uburundi bwakuwe ku rutonde rw’ibihugu bizokwirwako n’inama mpuzamakungu ONU

Ni umunezero udasazwe ku Burundi n’abarundi aho bwasabiye ko bukurwa ku rutonde rw’ibihugu vyirwako n’inama mpuzamakungu ONU ijejwe ivy’umutekano.

Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Albert Shingiro avuga ko ari n’umunezero ntangere wo kubona Uburundi bwakuwe mu nteguro y’ibihugu bizokwirwako n’inama mpuzamakungu ONU iraba ibijanye n’umutekano aboneraho gushimira ibihugu biri muri iryo shirahamwe vyagize uruhara ntangere kugira ngo ivyo Uburundi bwari bumaze igihe busaba bishirwe mu ngiro.

https://twitter.com/ashingiro/status/1334901447591419905?s=21

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767