BurundiHealthhomepagekirundisecurity

Uburundi ngo burameze magabo ku bijanye n’ikiza ” Coronavirus”

Ati, naho ico kiza bitaribonekeza ko coba caramaze kudutera, ibitari bike vy’ukumera amagabo vyovyo biza vyaratanguye. Aha rero muri ivyo harimwo inyifato ihanurwa nk’ugukaraba mu gihe tuba tuvuye ahantu hari abantu benshi.( Nk’amashure n’ubuguriro)

Nayo ku myiteguro , Uburundi bwacu ngo buza bugavye na narirya ngo nk’ibikoresho bikenewe mu kugira bapime ubushuhe vyovyo ngo ari ivyari bisanzwe bikoreshwa mu rugumba rw’ukurwana n’ikiza Ebola coco bivurwa ko coba caramaze kudutera.

Eka ngo si ivyo gusa. N’igihugu c’ubu chinois ico kiza cateyemwo ngo carafashe ingingo y’ukubanza gushira mu mwihwezo w’imisi 14 umuntu wese agomvye kuza hano mu gihugu gutyo kugirango babanze bashire amazinda ko atawoba aje yaranyegewe.

Nayo ku barundi baje bava mu mahanga muri rusangi, mu kiringo habonetsemwo uwoba afise ibimenyetso nk’ubushuhe burenze hamwe rero n’inkorora ,  araheza maze nawe nyene agashirwa mu bitaro Prince Regent Charles maze akihwezwa gushika n’aho amazinda aheze ko atarimwo tubiri.

Ivyo vyose rero ni ivyaraye bishikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu hamwe n’ukurwanya ikiza SIDA ejo hahise mu namwe yari yakoranije abaserukiye amashirahamwe nja UNICEF na OMS hamwe rero n’abaserukiye igihugu c’ubushinwa ico kiza ruhonyanganda camutsemwo.

Uburundi rero ngo buriteze kandi ifatwa mu mugongo n’ayo mashirahamwe nyene twavuze, uretse ko nabwo nyene bugiye kwongereza mu kurikanura  mu bijanye n’inyifato  nk’uguhimiriza abantu gukaraba incuri n’imiburiburi zitatu ku musi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764