BurundiCooperationhomepagekirundisociete

Uburundi ngo buriteguriye kwakira abarundi bose birukanywe muri Amerika

Uburundi ngo buriteguriye kwakira abarundi bose birukanywe muri Reta zunze ubumwe za Amerika mu gihe bigaragaye koko ka ari abarundi. Abo nabo ngo birukanywe kubera badakwije ivya ngombwa. Ariko kandi ngo abo Uburundi bwemeranije na Reta zunze ubumwe za Amerika nibo bazokwakirwa.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Ruheshi 2020, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Ezechiel Nibigira yamenyesheje ko basanze harimwo abatari abarundi inyuma y’amatohoza bakoze.

Ezéchiel Nibigira avuga kandi ko ico gihugu naco cotahura ko Uburundi buramutse busanze hari abanyamerika badakwije ivya ngombwa mu Burundi buzoheza bukabarungika. Abivuze inyuma y’itangazo rya Amerika ryavuga ko Uburundi bwanse kwakira abo Reta zunze ubumwe za Amerika zirukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769