homepagekirundi_Sports

Uburundi ntibworohewe mu nkino z’igikombe ca Afrika ziriko zirabera muri Egypte

 

Mu nkino z’igikombe ca Afrika z’abagendana ubumuga ziriko zirabera mu Gihugu ca Egypte yatanguye kw’igenegerezo rya 18 Rusama Uno mwaka,Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abagendana ubumuga ntiworohewe mu nkino z’igikombe ca Afrika ziriko zirabera mu Gihugu ca Egypte,Aho urukino rwa mbere, Uburundi bwatsinzwe n’igihugu categuye iryo higanwa arico Egypte,Aho ico gihugu catsinze Uburundi ibitsindo 10 Kuri 2.

Ku muhingamo wo Kuri uwu wa Kabiri igenekerezo rya 21 Rusama 2024, Uburundi bwasubiye gutakaza urukino rugira Kabiri Imbere y’igihugu ca Nigeria,Aho bwatsinzwe ibitsindo 11 Ku Busa.

Uburundi bwari mu muce wa A,bukaba bwarikumwe n’ibihugu bitatu ariko kimwe muri ivyo ntabwo citabiriye iryo higanwa arico Cameroun.

Uburundi bwasabwa gutsinda urukino rumwe kugira bubandanye mu gice gikurikira,ariko vyaraye vyanse

Mwomenya ko Uburundi yari icuro ya mbere bwitabiriye iryo higanwa ry’igikombe ca Afrika mu nkino z’abagendana ubumuga.

Vicent Nkunzimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822