EntertainmenthomepagekirundiUncategorized

Ubusambanyi n’ubuhumbu bivanze n’ubunebwe ngo nivyo bituma abigeme babura mu muziki

Ngo sukubima Promotion namba kandi ngo ntanarimwe bimwa ikibanza ahubwo abigeme ubwabo nibo bitesha agaciro bagata ibanga bikabaviramwo ingaruka zo guheba umuziki.

Blina Janet abicishije mu kiganiro Barihe Tubamenye gica kuri Indundi Tv yashize ukuri kwari kwaranyegejwe canke kwafukafutswe na benshi mu muziki w’Uburundi aho yari kuri micro ya Indundi TV abajijwe n’umumenyeshamakuru ikibazo c’ukutaboneka kwabigeme cane mu muziki wa hano iwacu yishuye avuga ati:”Ubunebwe ni kimwe muvyishe iterambere ry’umuziki wabigeme, nkubu nihereyeko kera nari umunebwe sinakora mfise intumbero kandi hariho n’abaza benshi bagakora indirimbo imwe canke zibiri zikamenyekana bakaryoherwa,bakabatera inda bakaca basinzira ntitube tukibabona n’ivyo birimwo.”

Akabandanya asigura ati:”Baboregwa Success, nkubu umukobwa araza agakora indirimbo imwe akaronka abamwandikira bamwipfuriza ugutera imbere bamubwira ko ashoboye abandi bakamwemerera kumufasha hakabaho vyabindi vyo kwipfuza gusangira agafanta munyuma bikavamwo ukuboregwa Success munyuma bakamutera inda ntamenye ko hari abaza bipfuza kumufasha n’abandi baza baje kumutakariza umwanya navyo bikamunanira guhitamwo maze akononekara canke agatwara inda y’indaro navyo bigatuma banacika intege zokubandanya bakora umuziki.”

Ikindi avuga nuko abahinyanyuzi ari bamwe mubasamaza abo bigeme ariko Blina Janet akavuga yemeza neza ko abo bigeme aribo babishiramwo ubujuju kuko ngo badafatwa Kunguvu ahubwo babishiramwo ubujuju n’ugusamara.

Blina akabandanya avuga ko abasamaza abo baririmvyikazi atari abahinyanyuzi gusa canke abaririmvyi eka n’abamenyeshamakuru babikora ngo kandi bose n’abantu  bafise umutima n’ukuvuga ko nabo barimwo ariko nkuko yabivuze ngo ntagahato kabibamwo n’ubwumvikane bwabo maze bikavamwo izo ngaruka, rero niko kanya ko kugira ngo bakanguke bamenye ico baje gukora n’intumbero yabo mu muziki.

Mwomenyako Blina Janet aheruka gushira ahaboma indirimbo nshasha kuruburwa rwiwe  rwa youtube iyo yise I Don’t Care ikaba ar’indirimbo ifise n’amasanamu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 793