BurundiEducationhomepagekirundi

Ubushikiranganji bw’indero bwuguruye imiryango kubabwitura

Ubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi bwuguruye imiryango ku bipfuza kubonana n’umushikiranganji aburamutswa.

Nk’uko biri mw’itangazo bwaraye bushize ahabona kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Gitugutu 2020, ubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi bumenyesha ko bwuruye imiryango kuri uyo wese yipfuza kubonana n’umushikiranganji.

Muri iryo tangazo, ubushikiranganji bw’indero bumenyesha ko buzokwakira abantu imisi yose ya kabiri, yamara ngo kugira uhabwe umubonano n’umushikiranganji bisabwa ko uba wiyandikishije umusi umwe imbere y’aho wipfuriza guhabwa uwo mubonano.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764