BurundiDevelopmentkirundi

Ubushikiranganji bw’ubudandaji buragabisha abikika mukiza mukugurisha amakaye kubiciro bishakiye

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 18 Myandagaro umwaka w’2020, ubushikiranganji bw’ubudandaji bwaramutse bukoresha ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo gushikiriza amakenga babona mw’igurishwa ry’amakaye muri kino gihe hasigaye imisi iri kurushi ngo umwaka w’ishure w’2020 ushira uw’2021 utangure.

Muri ico kiganiro, Chrisologue Mutwa, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’ubudandaji yamenyesheje ko hamaze igihe hibonekeza abadandaza amakaye mu bice bitandukanye badakurikiza ibiciro bizwi mu bushikiranganji bw’ubudandaji yamara bakikika mu kiza mu kuyagurisha ku biciro bishakiye.

Chrisologue Mutwa aha agatanga akarorero k’abahevye bakimonogoza na cane cane ngo kuri Librairie Saint Paul aho ngo ikaye y’impapuro ijana usanga bariko barayigurisha amafaranga agera ku gihumbi n’amajana atandatu.

Yamara naho hari abikika mu kiza bakagurisha ayo makaye ku biciro bidahumuriza, Mutwa amenyesha ko hariho n’abubahiriza amategeko nko kw’isoko yo kuri Cotebu.

Umuyobozi Chrisologue Mutwa yaboneyeho kwibutsa ko ibiciro vy’amakaye ntarengwa mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaco ko ari 1200F kw’ikaye y’impapuro 100, amafaranga 750 kw’ikaye y’impapuro 60, amafaranga 650 kw’ikaye y’impapuro 48 nayo ikaye y’impapuro 36 ikaba igurwa amafaranga atarenga 550.

Nayo mu ntara zo hagari mu gihugu, ikaye y’impapuro 100 igurwa amafaranga 1250, iy’impapuro 60 ikagurwa amafaranga 800, iy’impapuro 48 ikagurwa amafaranga 700 mu gihe iy’impapuro 36 nayo igurwa amafaranga y’amarundi 600.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 509