BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ubutumwa Sat-B yahaye umuhungu wiwe,Belle Nice na Miss Erica bakaba aribo bagiye gukurikira

Inyuma yukumara ikiringo kitarigito catanguranye n’igenekerezo rya 24 Ntwarante 2020 Sat_B na Empire Avenue bamenyesheje ko hagiye gusohoka indirimbo zi 5, iyakabiri  yaraye igiye ahabona.

“Indirimbo Appelle-Moi” yaraye ishizwe ahabona  igira kabiri mu ndirimbo zi 5 bari baramenyesheje abakunzi b’umuziki.

Kizigenza wa Empire Avenue yahaye ubutumwa umuhungu wiwe aho yamubwiye ati:” Ntugahangane n’abakuruta ! Ugomba kwihanganira Vyose ! Ugomba kugendera kuri gahunda zawe apana gukurikira … ntukabe umurizo”

Irinde agasuzuguro mukugwiza ibikorwa no mukutagakorera abandi kuko aho ivyagiye hose yorima ….! kunda Imana Yawe ! Shetani niyakwitambika imbere, rondera Igitoro n’ikibiriti muturire (Amasengesho)”

Mwomenya ko ubu butumwa abutanze mu gihe hari haciye ikiringo kitarigito  bamenyesheje ko muri Empire Evenue kobagiye kuzosohora indirimbo zitanu aho hari kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante 2020, ariko batashimye kuvuga izondirimbo uko zitwa na bene kuziririmba ariko bakamenyesha abahinyanyuzi gusa bazikoze.

Abavuzwe mw’ ico gihe bakaba bari:Dj Korona,Trick On Da Beat,Kolly Da Magic,Masterland,Yogo Beat na X Fecta.

Munyuma haboneka indirimbo yakizigenza wabo  izananye n’amasanamu indirimbo “Izina”. Indirimbo yakwiragiye hirya nohino kw’isi, aho yanashitse nokwisamirizi zikomakomeye nka RFI ibanje gutera uruhagarara mu bantu batari bake ku majambo yariyanditsemwo yakahise k’Uburundi.

Ubu naho hakaba haraye hakwirikiye iyindi ndirimbo ya Bain Turo, ururirimbo Appelle-Moi barikumwe na Masterland ivyatumye abakunzi b’umuziki bibazako munyuma naho hazoba hagiye gusohoka indirimbo ya Belle nice arikumwe na Miss Erica nkuko bagiye babimenyesha mu makuru yabo bagiye batanga biciye kuma Cover y’ indirimbo basohoye hakaba harihabonetse cover ya NAJIAMINI indirimbo ya Belle Nice na Miss Erica.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775