Ama miliyoni 65 y’amafaranga y’amarundi atozwa mu makori n’amatagisi niyo atahora ashikanwa ku makonte y’amakomine buri ndwi.
Vyashikirijwe na Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’iterambere rusangi.
Pierre Nkurikiye akaba yabwiye abamenyeshamakuru ko vyibonekeje mu ma komine icumi yasuzumwe mu gikorwa caranguwe mu masoko no mu bibanza bitorezwako amakori mu makomine akavuga ko kugira hamenyekane ubwo bunyonyezi ico gikorwa muri ino ndwi cahawe urwaruka rutagira akazi, akamenyesha ko kubera ico gikorwa ciza cakozwe n’urwo rwaruka hafashwe ingingo ko rubandanya ruyatoza muri ayo makomine cumi mbere babikoze neza bakazosubirira burundu abahora bakora ako kazi muri ayo ma komine cumi.
Iyo nkuru y’Urwaruka rutagira akazi rwasubiriye muri ino ndwi abahora batoza amakori n’amatagisi mbere, mwayakiriye gute?