EntertainmenthomepageUncategorized

Ubutware bwa Miss Carelle n’ubwa Miss Kelly batanguye ugutandukanye

Ubutware bwa Miss Carelle n’ubwa Miss Kelly batanguye ugutandukanye

Naho Kelly Ngaruko yatanguye igihe ciwe mu mwaka uheze, atarabwa ryiza kubera havugwa akarenganyo, Miss Carelle Ndayizeye we atanguriye Ku biciro vy’inzoga vyari bihanitse Ku musi w’urubanza, bituma abanywi b’inzoga, bayoboka amazi ya Kinju.

Abavuze ngo igihe kijana n’ivyaco, ntibabeshe. Ikiringo ca Lellie carelle Ndayizeye nka Miss Burundi nticatanguye nkuko Ico Kwa Kelly Ngaruko catanguye mu mwaka uheze.
Uno mwaka, urubanza rwanitabiriwe n’abatware batari bake bo mu nzego zo hejuru cane, gushika k’ Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, rwaranzwe n’utuntu twinshi, ariko kamwe akaba ariko kagarutsweko cane Ku mbuga hwaniro zitandukanye zirimwo Twitter.
Ico kintu cagarutseko, kikaba ari amazi ya Kinju yabonetse cane muri urwo rubanza rw’iteka, ariko Kandi abatari bake ngo ntibanayugurure, bayatwaye uko bayaguze.
Igituma ayo Mazi ariyo yavuzwe cane, nuko hasohotse menu y’ibinyobwa vyari vyateguriwe abari muri urwo rubanza.
Kuri iyo menu, ibinyobwa ntivyari bike, Kandi vyari ubwoko butandukanye, birimwo imivinyu , ama Whisky, Ama Cocktail, hamwe n’inzoga bakunze kwita iz’ifuro, maze hakarengako agacupa ka Kinju ka 50cl.
Murivyo rero icari kizimbutse akaba yari Amazi, kuko ko yagurwa 3000. Nayo ibindi vyari hagati y’15,000fbu Kuri Savanna, hamwe n’800,000fbu Kuri Champagne Ruinart.
Kuri Twitter, abantu rero bagize imisi babuvugako cane, aho abatari bake baciye baronka inyishu y’ibibazo bitari bike bari bagize umwanya bibaza.
Uravye ama FOTO y’urubanza, ikinyobwa ca Kinju, Nico kinyobwa cabonetse cane ku meza z’abantu. Akavuze umwe mubakoresha Twitter, ngo yari yibajije ko abantu bose bahevye Inzoga, ariko iyo menu imaze kuboneka, abantu batangura gutahura igituma bari biteretse izo Kinju.
Mu gihe Kinju ariyo yavuzwe cane uno mwaka, mu mwaka uheze Kuri Miss Ngaruko Kelly, ho havuzwe cane ivy’uko hoba habayemwo akarenganyo, noneho bakamutora atarabereye ico kibanza.
Ariko uko imisi yagiye igenda, Niko yagiye arakundwa, bivanye n’ibikorwa yagiye yerekana. Gushika yaho bamwe bamwe batangura kwibaza ko uwuzosubira muri ico kibanza cari kimazemwo igihe Kelly Ngaruko bitazomworohera kubera ibikorwa uwo mukobwa yakoze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 750