BurundiFashionFunnykirundi

Ubuzima bukomeye La Diva yabayemwo ku bw’Imideri



Umwigeme agiye kubashikiriza ibiganiro bigiye bitandukanye na cane cane ikiganiro “IMIDERI TIMES” kuri Indundi Tv, LA Diva  aratuyagira bimwe mubibazo yahuye navyo mugisata c’imideri.

Ayaga na Indundi Tv aremeza neza ko kuruhande rwiwe bitigeze vyoroha na gato, kuko haba murugo canke idini ntivyamworohereza namba.

La Diva agira ati:

“Ibibazo abanyamideri bahura navyo ni vyinshi cane kuko uhereye hejuru ntibavyitaho,
nihereyeko nka Jewe uretse ko Benshi banzi nka La Diva, nitwa Aisha KWIZERA nkaba ndi mw’idini rya Islam, abavyeyi ntibumva ko noja mubantu ntitwikiriye, ama agence nayo yarandaba ariko ugasanga ivyo kwambara Bikini n’izindi mpuzu zogira ibihimba bimwe bimwe vy’umubiri zerekanye nazo ntiduhuje, ariko bakibagira ko hari n’ababoneka kumafoto akeye atari ngombwa ngo baje kudefira imbere yababakurikirana (Ababaraba).


Aisha we yemeza ko Imideri idahagaze mu gutambuka gusa werekana ivyo vyambarwa ahubwo ko binashoboka ko ivyo vyambarwa bishobora no kuboneka muma photo akanongera asaba abajejwe ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama ko bafata nka kama ico gisata c’imideri kuko ngo cogira uruhara runini mubutunzi bw’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 499