homepagekirundiWorld News

Ubwoko bw’ubuja bwibonekeza mu gihe ca none

Ubuja bwo mu gihe ca none ngo bugizwe ahanini n’urudandazwa rw’abantu, ugukoresha abantu mu rudandazwa rw’igitsina, ikoreshwa ry’abana, ukurongoza abantu ku nguvu, hamwe no gukoresha abana mu ndwano.

Biri  mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uyu wa 2 Kigarama, aho amakungu aramutse ahimbaza umunsi wahariwe kugwanya no gutuza ubuja kw’isi.

Abantu barenga imiriyoni 40 kw’isi ngo bari mu buja nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe akazi OIT.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755