homepagekirundi

Uganda : Inyuma ya Bobi Wine, na Jose Chameleone yankiwe gukora ibiteramo

Ibiteramo vy’umuririmvyi Jose Chameleone vyahagaritswe n’abajejwe umutakano mu gihugu ca Uganda inyuma y’aho ashikirije ko agiye mu mugambwe witwa Parti Democratique usanzwe utavuga rumwe n’ubutegetsi mu gihugu ca Uganda.

Nk’uko bishikirizwa n’insamirizi y’abongereza BBC, inyuma y’aho haciye imisi Jose Chameleone akoze igiteramo mu gace kitwa Masaka amaze kugaragara ari kumwe n’abarongozi b’uwo mugambwe utavuga rumwe na Reta y’Ubuganda, ibindi biteramo bitatu yategekanya kuremesha ahitwa Mutukula, Kalisizo, Kyotera hamwe no mu karere ka Bukomansimbi vyaciye bibuzwa.

Bivugwa ko uwo muririmvyi hamwe n’umurwi wiwe yama ajana iyo agiye kuremesha ibiteramo bategetswe ko basubira ku murwa mukuru Kampala kugira basabe uruhusha umukuru w’igiporisi.

Ayo makuru ashikiriza avuga ko uwujejwe gushikiriza amakuru mu giporisi gikorera mu gice c’ubumanuko bw’igihugu ca Uganda yavuze kw’ivyo biteramo vyabujijwe kubera bitubahirije amategeko agenga umutekano rusangi aho igiteramo cose gihuza abantu barenga batatu kibwirizwa kumenyeshwa igiporisi imbere y’iminsi 15 kugira kibe.

Jose Chameleone akaba abaye umuririmvyi agira kabiri abujijwe kuremesha ibiteramo vyiwe mu gihugu ca Uganda inyuma yaho umuririmvyi asanzwe ari n’umunyeporitike Bobi Wine ibitaramo vyiwe bitari bike vyahagaritswe mu mwaka uheze wa 2018.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755